Muri Nigeria abantu 150 bari barashimuswe barekuwe

Boko Haram ikomeje kubera ibamba igisirikare cya Nigeria
Insiguro y'isanamu, Boko Haram ikomeje kunanira igisirikare cya Nigeria.
Yatangajwe

Abagore n'abana barenga 150 bari barashimuswe n'umutwe wa Boko Haram ugendera ku matwara akaze y'idini ya Islamu basubijwe mu miryango yabo.

Bashimutiwe muri leta ya Yobe iri mu majyaruguru y'uburasirazuba bwa Nigeria mu kwezi kwa 12.

Ntibyamenyekanye neza uburyo baba bararokowemo.

Hari amakuru avuga ko intagondwa zo mu mutwe wa Boko Haram zaba zarabataye mu murenge umwe zimaze kugabwaho igitero n'igisirikare.

Umwe muri abo bagore yavuze ko Boko Haram itabagiriye nabi.