Igisasu cahitanye abantu mu rugendo muri Ukraine

Ahavuye isanamu, Reuters
Yatangajwe
Abajejwe intwaro i Kharkiv mu buseruko bwa Ukraine bavuga ko igisasu cahitanye abantu batatu mu rugendo rwabera hagati mu muji.
Igipolisi kivuga ko icaturitse ari ikintu kitazwi ngo kandi babifashe nk'igitero c'iterabwoba.
Abandi bantu benshi bakomereketse, bakaba bari mu rugendo rwo kwibuka umwaka uheze hatanguye imigumuko yatembagaje umukuru w'igihugu Viktor Yanukovych yari ashigikiwe n'Uburusiya.
Izindi ngendo nk'izo zabereye mu yindi miji yo muri Ukraine, harimwo n'umurwa mukuru Kiev.
Umukuru w'igihugu mushasha, Petro Poroshenko, arifatanya mu rugendo n'abakuru b'Ubudage, Pologne hamwe n'ab'ibihugu vyo mu karere ka Baltic.






