Kate na William bibarutse umukobwa

Ahavuye isanamu, Getty
Yatangajwe
Duchesse w'i Cambridge, umutambukanyi w'umuganwa William agira kabiri ku bwami bw'Ubwongereza, yibarutse umwana w'umukobwa.
Uwo mwana, ipima ibiro bitatu n'amagarama amajana indwi, yavutse haciye amasaha make Duchess ashitse kwa muganga i London.
Urwandiko rwasohowe n'ikirimba ca Kensington ruvuga ko umuvyeyi n'umwana bameze neza.
Umuganwakazi w'i Cambridge, izina uwo mwana azohabwa, ni uwa kane ku bwami bw'Ubwongereza.
Musaza wiwe, umuganwa George, yavukiye kuri ivyo bitaro nyene haciye munsi gato y'imyaka ibiri.






