Ubugereki: Burasaba iyindi myaka 2 y'ingoboka

Ikibazo cy'Ubugereki
Insiguro y'isanamu, Ikibazo cy'Ubugereki
Yatangajwe

Ubugereki bwasabye umuryango w'ubumwe bw'uburayi ko bwawongerera iyindi myaka 2 y'amasezerano yo kuyigoboka mu bukungu.

Uwo mugambi w'u Bugereki unarimo gusubiramo imyenda ihanitse igihugu gifite.

Iryo tangazo rije ku munota wa nyuma.

Ubugereki bwari bwavuze ko butazashobora kwishyura inguzanyo mu mpera z'uyu munsi, igihe amasezerano ya mbere yarateganije kurangiriraho.

Abashikiranganji b'imari mu bihugu by'uburayi baraza kuganira kuri uyu mugambi w'u Bugereki kuri telephone mu masaha ari imbere.

Ariko umushikiranganji wa mbere w'Ubudage, Angela Merkel, yari yavuze ko atiteze ayandi mahinduka, kandi abanyamakuru benshi ntibashira amakenga uwo mugambi w'i Athens.