N'ubu nta nyishu ku kibazo c' Ubugereki

Abategetsi bo mu karere ka Euro bakoranye Ubugereki butaratanga ivyifuzo vyabwo bisha
Insiguro y'isanamu, Abategetsi bo mu karere ka Euro bakoranye Ubugereki butaratanga ivyifuzo vyabwo bisha
Yatangajwe

Mw'ijambo yavuze ari munzira aja muri iyo nama, umukuru wa leta y'Ubudage, Angela Merkel, yavuze ko abbwirizwa gushika ku mwumvikano mu gihe kitarenze indwi imwe.

Perezida w'Ubufaransa, Francois Hollande, yavuze ko intumbero yabo ari uko Ubugeriki buguma mu muryango ukoresha ifaranga rimwe rya euro.

Ariko ngo ingingo ikomeye iri kuri leta y'Ubugeriki itegerezwa gutanga ivyifuzo.

Inama yabanjirije iyo, y'abashikiranganji b'ibigega vya leta muri ivyo bihugu, yarangiye ataco igezeko.