Urubanza rw'abishe intambwe Cecil muri Zimbabwe

Umunyamerika yishe intambwe Cecil avuga ko avyicuza n' ubwo atari azi ko bidaciye mu mategeko
Insiguro y'isanamu, Umunyamerika yishe intambwe Cecil avuga ko avyicuza n' ubwo atari azi ko bidaciye mu mategeko
Yatangajwe

Iyo ntambwe, Cecil, yiciwe hanze ya Park ya Hwange n'Umunyamerika Walter Palmer, umuganga avura amenyo asanzwe akunda uruhigi cane.

Izindi mpapuro zo muri sentare muri Leta zunze Ubumwe za Amerika, zerekana ko Palmer asanzwe afise ibirego vyo kwica ikindi gikoko bita ours muri leta ya Wisconsin mu 2006.

Avuga ko yicuza kubona yarishe Cecil ariko ngo yibwira ko ariko ahiga mu buryo buhuye n'amategeko.

Imbere y'ivuriro rya Walter Palmer muri leta ya Minnesota habareye imyiyerekano yo kwiyamiriza iryo raswa ry'intambwe Cecil.