Ibice vy'indege vyatowe vyoba ivya MH370?

 MH370 vyaketswe ko yaguye mw' ibahari Indiyano
Insiguro y'isanamu, MH370 vyaketswe ko yaguye mw' ibahari Indiyano
Yatangajwe

Mw'itangazo yasohoye, Najib Razak yavuze ko ivyo bisigarira bikekwa ko vyoba ari ivyo ibaba ry'indege, bizorungikwa mu Bufaransa kugira bisuzumwe.

Ivyo bisigarira bizosuzumwa mu ntumbero yo kumenya nimba ari ivy'indege y'ishirahamwe Malaysia Airlines MH-370, yazimiye mu mwaka uheze, irimwo abantu 239.

Leta ya Australia ivuga ko gutora ivyo bisigarira yoba ari intambwe ikomeye mu nzira yo kumenya ivyayishikiye.

Ibipande vyose vy'indege bifise ibiharuro canke nimero iyiranga, ivyo bigashobora kworosha uburyo bwo kumenya nimba ivyo bipande vyatowe ari ivy'iyo ndege.

Igikorwa co kurondera iyo ndege cibanze ahanini ku kirere kingana na kilometero 6000 mu buseruko bw'izinga rya Reunion, ariko abahinga bavuga ko ivyo bisigarira bishobora kuba ariho vyarerenvye biva.