Hatowe ibindi bimanyu vyoba ari ivya HM370

Igice c'ibaba ry'indege catowe i Reunion gishobora kuba ari ic'iyaburiwe irengero, HM370
Insiguro y'isanamu, Igice c'ibaba ry'indege catowe i Reunion gishobora kuba ari ic'iyaburiwe irengero, HM370
Yatangajwe

Igipolisi kivuga ko hatowe ibindi bimanyu vy'indege mw'izinga rya Reunion riri mw'ibahari Indiana.

Ivyo bimanyu vyatowe ahantu ku mucanga, ahatowe igice c'ibaba gishobora kuba ari ic'indege yaburiwe irengero y'ikompanyi Malaysia Air.

Ariko abajejwe intwaro bavuga ko bidafatwa nk'ibimenyetso, ngo kandi ntibizorungikwa mu Bufaransa kugira vyihwezwe, nk'uko vyakozwe ku vyatowe kuwa gatatu.

Ikimanyu gishasha catowe kiriko inyandiko z'igishinwa hagashobora kuba hariko n'ivyerekana inzira.

Umushikiranganji wa Malaysia ajejwe kwunguruza abantu n'ibintu yavuze ko igice c'ibaba catowe vyemejwe ko ari ic'indege yo mu bwoko Boeing 777, ubwoko bumwe n'ubwa MH370 yaburiwe irengero.