Niba ukunda ipiripiri, ushobora kuramba

Ahavuye isanamu,
Yatangajwe
Abashakashatsi bo mu muji wa Beijing bihweje ivyo abantu bagera ku gice ca miriyoni bakunda gufungura, mu kiringo c'imyaka indwi.
Muri bo, abari bafise akamenyero ko gufata ibifungurwa birimwo ipiripiri, bari bafise urugero rw'ivyago vyo gupfa ruri hasi ibice 14%, ugereranije n' abayifungura nka rimwe mu ndwi.
Abo bashakashatsi bavuga ko aho bagarukiye ari ku kwiheza ubuzima bw'abo bantu bakwirikiranye gusa, ariko ko hakwiye ikindi cirwa cimbitse, cokorerwa ahandi.
Ariko ngo basanzwe ibiri mw' ipiripiri bita -capsaicin- basanze bifise ubushobozi bita antioxidant na anti-inflammatoire, no gereranya ko ari ubwo kugabanya umucafu mu maraso n'ububabare mu mubiri.






