Muri Espagne hafashwe umurima amahanga w'urumogi

Ahavuye isanamu, AFP
Yatangajwe
Igipolisi muri Espagne kivuga ko cabonye umurima wa mbere munini w'urumogi muri ico gihugu, hanafatwa n'abantu 6 barurima bakorera nyenewo apfunzwe.
Bavuga ko uwo mugabo yaguze itongo mu ntara ya Albacete iri hagati mu gihugu ari mu karuhuko k'ibohero, aca akoresha abakozi batandatu bo kumurimira ibiterwa ibihumbi 75 vy'urumogi.
Abapolisi bavuga ko uwo murima wari uzitiwe n'uruhome rw'umucafu kugira umunuko w'urwo rumogi ntusohoke.






