Tunisia iragavye kubera iterabwoba

Tuniziya isanzwe iri mu mategeko y'ibihe bidasanzwe.
Insiguro y'isanamu, Tuniziya isanzwe iri mu mategeko y'ibihe bidasanzwe.
Yatangajwe

Abajejwe intwaro muri Tunisia bagabishije ko hashobora kuba igitero c'igisasu giteze mu muduga, babuza imiduga yose guca hagati mu muji.

Ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati buvuga ko bufise amakuru yerekana ko ibice bikomakomeye mu muji bishora guterwa, ariko nta yandi makuru yatanze.

Abajejwe umutekano bugaye ibarabara rikuru, Avenue Habib Bourguita, hamwe n'ayandi mabarabara.

Tunisia isanzwe iri mu mategeko y'ibihe bidasanzwe, vyashizweko mu ntango z'uno mwaka igihe abarwanyi bagaba igitero ku bibanza bibiri bigendwa n'ingenzi.