Gusabikanya impunzi muri EU birashoboka?

Yatangajwe
Ubufaransa n'Ubudagi vyifuza ko kwakira impunzi biba kw'itegeko mu bihugu vyose vy'Ubumwe bwa Bulaya ata kivuyemwo.
Icifuzo c'ivyo bihugu catangajwe n'umukuru w'Ubufaransa Francois Hollande, kije inyuma y'aho ibiharuro vy'abagana uwo mugabane basaba ubuhunzi bidugiye cane, n'abanyagihugu bavyo bagatangura kwitaho ico kibazo.
Bwana Hollande avuga ko Ubufaransa buzokwakira impunzi zigera ku 24 000, muri rusagi ivyo bihugu vya Bulaya bikakira abagera ku 120 000.
Umukuru wa leta y'Ubudage Angela Merkel, avuga ko igihugu ciwe kidashobora kwifasha conyene gutorera umuti ico kibazo c'impunzi.






