Ibisasu vyahitanye 86 muri Turkiya

Amasanamu kuri television yerekanye igihe igisasu caturika
Insiguro y'isanamu, Amasanamu kuri television yerekanye igihe igisasu caturika
Yatangajwe

Ibisasu bibiri binini vyajugumije umurwa mukuru wa Turkiya, Ankara, bihitana abantu mirongo umunani na batandatu abandi bashika 200 barakomereka.

Amasanamu yo kuri television yagaragayemwo abantu batekewe n'ubwoba, ibiziga birambaraye hasi, huzuye n'amaraso.

Abantu batwawe n'ishavu baza baratera ibintu abapolisi.

Ibi bisasu bituritse hasigaye indwi zitatu ngo hasubirwemwo amatora y'inama nshingamateka, mu gihe abantu benshi bari bahuriye mu rugendo rw'amahoro.

Urwo rugendo rwari urwo gusaba leta ya Turkiya guhagarika ibitero ku barwanyi b'aba Kurde.

Leta yavuze ko ico gitero ari iterabwoba, ariko umukuru w'umugambwe ushigikiye aba Kurde, HDP, yagirije leta kuba ahubwo ariyo yabiteguye.