Abarwayi basha ba Ebola muri Guinée

Yatangajwe

Hari haciye indwi zibiri ata murwayi wa Ebola abonetse muri Guinée.

OMS imenyesha ko umwe muri abo barwayi ari mu murwa mukuru Conakry, uwundi nawe ku km 70 uja mu bumanuko bushira ubuseruko.

Mu ndwi iheze, OMS yari yatangaje ko ibihugu vyasinzikajwe na Ebola kurusha ibindi, ari vyo Guinée, Sierra Leone na Liberia, vyari bimaze indwi imwe ata murwayi wa Ebola mushasha abonetse, kuva iyo ndwara itangura mu kwezi kwa gatatu umwaka uheze.

OMS mu bisanzwe ivuga ko igihugu gikwiye kwizigira ko ikiza ca Ebola caheze, kimaze iminsi 42 ata murwayi wa Ebola abonetsemwo.

Liberia iramaze iyo minsi ata murwayi wa Ebola ahabonetse.