Abo muri Israel na Palestina barahanganye

Ahavuye isanamu, Reuters
Yatangajwe
Bwana Abbas yavuze ko guturira intatemwa ya Yozefu, mu gisagara ca Nablus mu karere ka Cisjordanie, vyakozwe n'abantu batiyumvira.
Avuga ko ubutegetsi bwa Palestina buzoheza bugasubiramwo ico kibanza cononekaye.
Uretse aho, abajejwe umutekano muri Israel bavuga ko hari umunya Palestina yishwe inyuma yo gutera icuma agakomeretsa umusirikare wa Israel mu kibanza cacumbitswemwo n'aba Yahudi mu karere ka Kiryat Arba, hafi y'igisagara ca Hebron.
Inama nkuru y'umutekano kw'isi iteganya gukorana uno munsi mu nama yihuta yo kuganira kuri uko kwiyongera kw'ubwicanyi hagati y'abanya Israel na Palestina.
Umurwi Hamas usanzwe ugenzura akarere ka Gaza, watangaje uno munsi wa gatanu nk'umunsi wo kugaragaza agashavu ku banya Israel.






