Aloys Ndimbati yaronderwa ku vyaha vya jenoside yo mu Rwanda urupfu rwiwe rwemejwe inyuma y'imyaka irenga 25

Ifoto yerekana abaronderwa n'inkiko za ONU
Insiguro y'isanamu, Urwego rwa ONU rwemeza ko Aloys Ndimbati (hagati) yapfuye mu 1997
Yatangajwe

Inyuma y’imyaka irenga 25 apfuye, ONU yemeje urupfu rwa Aloys Ndimbati, umwe mu baronderwa cane ku vyaha vya genocide yo mu Rwanda mu 1994.

Mw’itangazo, urwego rwasigaye ruramarira imanza zasigajwe na sentare mpuzamakungu mpanavyaha yari yashiriweho Urwanda yakorera Arusha (TPIR), ruvuga ko Aloys Ndimbati yapfuye mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu mu 1997.

Urwo rwego ruvuga ko rwafashe iyo myaka yose ruriko ruratohoza imbere y’uko rushika ku cemezo.

Ndimbati yaronderwa ku vyaha indwi vya jenoside, ivyaha bivugwa ko yakoreye cane cane mu cari commune Gisovu yari asanzwe abereye bourgmestre mu gihe ca jenoside.

Urwo rwego rwa ONU ruvuga ko rwemeje urupfu rwa Aloys Ndimbati inyuma y’imyaka myinshi y’amatohoza maremare kandi atoroshe.

Ruvuga ko Ndimbati yapfuye mu mpera z’ukwezi kwa gatandatu mu 1997, agapfira mu karere ka secteur Gatore muri district ya Kirehe mu ntara y’uburasirazuba mu Rwanda. Aho ngo yari yahagarutse mu kwezi kwa gatandatu mu 1997 avuye muri Zaire (Repuburika ya Demokrasi ya Congo y'ubu), aho yari yarahungiye n’umuryango wiwe mu kwezi kw’indwi mu 1994.

Ariko ngo kuva ashitse muri secteur ya Gatore, nta makuru yiwe yasubiye kumenyekana, uretse ko amatohoza ya ONU yemeza ko atasubiye kuva aho hantu.

Kubera akajagari kaharangwa muri ico gihe, itangazo rivuga ko bitamenyekanye neza ingene Aloys Ndimbati yapfuye. Urwego rwa ONU ariko ruvuga ko urwo rupfu rwemejwe kandi n’ubushinjacaha bw’Urwanda mu matohoza bwakoze ukwabwo.

Aloys Ndimbati mu gihe ca jenocide yari bourgmestre w’iyari commune Gisovu mu yari prefecture ya Kibuye. Ni naho bivugwa ko yahamagariye iyicwa ry'Abatutsi.

Abaronderwa cane na ONU kubera jenoside yo mu Rwanda
Insiguro y'isanamu, Onu ivuga ko kuba Ndimbati yemejwe ko yapfuye, muri munani baronderwa cane hasigaye Charles Sikubwabo na Charles Ryandikayo

Jenoside itanguye, bivugwa Ndimbati ubwiye yahagarikiye iyicwa ry’Abatutsi uretse ko hari n’aho yafatanije na Charles Sikubwabo mu bwicanyi bwo muri Gisovu, Bisesero, Kidasha, Muyira, Nyakavumu, Gitwe, Byiniro na Kazirandimwe.

Kuba urupfu rwa Aloys Ndimbati rwemejwe, bivuze ko ku rutonde rw’abantu 8 baronderwa n’ubucamanza mpuzamakungu hasigaye babiri gusa.

Abo ni Charles Sikubwabo na Charles Ryandikayo. Kuva mu 2020, urwego rwa ONU rwashoboye gufata Felicien Kabuga na Fulgence Kayishema rwongera rwemeza urupfu rw’abandi bane aribo Augustin Bizimana, Protais Mpiranya, Pheneas Munyarugarama, ubu naho Aloys Ndimbati.

Urwego rwa ONU ruvuga ko n’aho abacitse kw’icumu batazobona Aloys Ndimbati aciriwe urubanza hanyuma ngo ahanwe, nibura kwemeza ko yapfuye bibahaye kumenya ko atacinyegeje kandi ko ata yandi mahano agishoboye gukora.