DR Congo: Abashika 20 bishwe abandi batari bake baranyuruzwa mu bitero vya ADF – UN

Ahavuye isanamu, MONUSCO
Ishirahamwe ONU rivuga ko abantu 20 bagandaguwe abandi batari bake nabo baranyuruzwa mu bitero bitari bike vyabereye mu buseruko bwa Repubulika y’Intwaro Rusangi ya Congo.
Mu bishwe harimwo n’abana hamwe n’abarwayi bane baturiwe babona kw’ivuriro ryegukira ishengero mu ntara ya Kivu ya Ruguru.
Iki gitero cagirizwa umuhari Allied Democratic Front ( ADF), ufitaniye ubucuti n’umuhari wiyita Reta ya ki-Islam.
Uyo muhari uzwi ko ukora ubwicanyi gusumba iyindi mihari yose irangwa mu buseruko bwa Congo, mbere Reta Zunze Ubumwe za Amerika zikaba zawushize ku rutonde rw’imihari y’iterabwoba.
Ababibonye bavuga ko intambara zikomeye zikibandanya muri iyo ntara, aho igisirikare ca Congo n’ingabo za ONU zihanganye n’uyu muhari.
Ibi bitero vyatanguye ku wa kane w’indwi iheze igihe uyu muhari watera ivuriro ryo mu gisagara ca Lume ukica abatari bake harimwo n’aba barwayi batuririwe kuri iri vuriro babona.
Ingabo za ONU muri iki gihugu zivuga ko inzu ziharurwa mu majana zaturiwe mu bigwati vyegereye iki gisagara.
Abantu batari bake, harimwo n’imiburiburi abana 30 bavugwa ko babuzwe irengero, bikavugwa ko boba banyurujwe n’uyu muhari.
Ingabo za ONU zarungitswe kugarukana amahoro muri ico gihugu zararasanye kandi n’aba barwanyi mu ntara ya Ituri.
Iki gihugu ca DR Congo gitunze ubutare butari buke kirangwamwo imishamirano yasubiriye kuba ndanse, itewe n’imirwi yitwaje ibirwanisho, harimwo M23 hamwe na ADF.
Mu kwezi guheze, abakuru b’ibihugu vy’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko baremeranije kurungika ingabo z’akarere kugira zifashe reta ya Congo kugarukana umutekano mu buseruko bw’igihugu, ariko gushika ubu izi ngabo ntizirashobora kurungikwa.










