Bishasha hagati ya Israel na Hamas: Israel ivuga ko yaciyemwo kubiri Gaza muri ino ntambara y'urutavanako

Uburaruko bwa Gaza bwaraye buracucagirwa ibibombe bikomeye
Insiguro y'isanamu, Uburaruko bwa Gaza bwaraye buracucagirwa ibibombe bikomeye
Yatangajwe

Umunyamakuru wa BBC Rushdi Abualouf ari muri Gaza avuga ko ibibombe vyacucagiwe nijoro kuri aka karere ari vyo vya mbere bikomeye canevya Israel kuva iyi ntambara itanguye.

Avuga ko ibitero vyibanze cane cane mu buraruko bushira uburengero bwa Gaza, mu gihe ikambi y’impunzi Beach iri ku nkengera y’ikiyaga Mediterane, isanzwe izwi kandi kw’izina rya Shati, yabangamiwe cane n’amabombe.

Ni inyuma y’aho umuvugizi w’igisirikare ca Israel, Daniel Hagari, atangarije ati: "Turatera n’inguvu nyinshi. Iri joro na buri musi, muri iri joro hari igitero gikomeye”.

Israel ivuga ko ingabo zayo zaciyemwo kubiri Gaza inyuma y’aho igitero co ku butaka kuri Hamas gishikiye ku kiyaga Mediterane muri aka karere ka Palestina. Umuvugizi wa gisirikare avuga ko igisagara ca Gaza ubu cagoswe burundu.

Ishirahamwe ONU risanzwe rihaye indaro imiriyoni 1.5 z’abataye izabo mu buraruko bwa Gaza rivuga ko mu bigo rifise mu gace kose ka Gaza, 48 muri vyo bimaze kwononekara kuva intambara yadutse.

Ni mu gihe umushikiranganji w’imigenderanire wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Antony Blinken, abandanya n’ingendo mu karere k’Ubuseruko bwo hagati mu ntumbero yo kurondera ingene hoba agahengwe hamwe n’ingene intambara itokwira mu karere kose.

Antony Blinken yashitse muri Iraki ku wa Mungu yikinze ijoro
Insiguro y'isanamu, Antony Blinken yashitse muri Iraki ku wa Mungu yikinze ijoro

Inyuma y’aho ashikiye muri Israel ku wa gatanu mu rugendo rugize gatatu kuva intambara itanguye, ejo ku wa Mungu yaragiye muri Cisjordanie/West Bank no muri Iraki, avuyeyo akaba yaciye aja muri Turukiya, akaba yashitseyo isaha icenda z’ubuca kuri uno wa mbere.

Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahuyamirira kure iciyumviro c’uko hoba agahengwe k’ubutabazi muri iki gihe, mu gihe ibihugu bibanyi vya Israel vy’Abarabu bisaba ko intambara ihagarara vuba bwango.

Imigenderanire hagati ya Turukiya na Israel ibandanya imera nabi mu gihe igitigiri c’abapfa kibandanya ciyongera, buri ruhande rukaba rwategetse abaserukizi barwo gutaha.

Ejo ku wa Mungu, Perezida Recep Tayyip Erdogan wa Turukiya yavuze ko yakuye icizere ku mushikiranganji wa mbere wa Israel Netanyahu kandi ko atakimwita mugenziwe. Yavuze ariko ko Turukiya itipfuza guhagarika imigenderanire na Israel.

Ankara (umugwa mukuru wa Turukiya) nayo isaba ko intambara ihagarara vuba bwango, mu gihe Blinken avyamirira kure, agasaba ahubwo ko hoba agahengwekugira hashoboregutangwa imfashanyo y’ubutabazi.

Turukiya ntifata Hamas nk’umuhari w’iterabwoba nk’uko ibindi bihugu bimwe bimwe, harimwo Amerika n’Ubwongereza, biyifata. Isanzwe (Turukiya) iha indaro abanywanyi ba Hamas kandi ikaba ishigikiye ko hoba inyishu ishingiye kw’ishingwa ry’ibihugu bibiri.

Ubutegetsi bwa Palestina buvuga ko ica kabiri c'amazu muri Gaza yobomowe

Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bw’ubutegetsi bwa Palestina bufise icicaro muri Cisjordanie bwashize ahabona ibitigiri bishasha vyerekana inkurikizi z’intambara yo muri Gaza. Buvuga uku:

  • Amazu arenga 50% muri Gaza yarabomowe
  • Hafi 70% vy’abanyagihugu bayo barataye izabo
  • Ibitaro 16 kuri 35 bishobora kwakira abarwaye vyarahagaritse ibikorwa
  • Inyubakwa 42 z’ishirahamwe ry’ubutabazi UNRWA zarononekaye
  • Nibura amasengero indwi n’imisigiti 55 yarononekaye.

Ni mu gihe Israel yagiriza umuhari Hamas gushira ibikorwa remezo vyawo mu mayira yo mu kuzimu musi y’ibibanza vya gisivire.

Israel ivuga ko imaze gutera “ibibanza birenga 11.000 vyegukira imihari y’iterabwoba” muri Gaza, kandi ko imaze kurasa ibisasu birenga 10.000 ku gisagara ca Gaza conyene kuva ku wa 07 Gitugutu (10), igihe yatangura isekeza ryo kwihora Hamas ku bitero vyayo vyihaye inkumbi.

Umushikiranganji wa Israel yahagaritswe vy'agateganyo inyuma y'iciyumviro c'uko Gaza yoterwa ikibombe ca nikleyeri

Umushikiranganji wo muri reta ya Israel yahagaritswe vy’agateganyo kwitabira amanama yose y’inama nshikiranganji gushika hamenyeshejwe ingingo nshasha inyuma y’aho avugiye ko kurekurira ikibombe ca nikleyeri ari “kimwe mu bintu bishoboka”.

Amihai Eliyahu, umushikiranganji ajejwe umurage, yavuze aya majambo mu kiganiro yagiranye n’iradiyo Kol Beramah igendera ku vyiyumviro bikaze vy’idini rya orthodox.

Yavuze ko muri Gaza ata n’umwe atari umurwanyi, kandi ko guha imfashanyo abasivire b’Abanya-Palestina vyoba ari “ugutsindwa”.

Abajijwe nimba vyoba bisiguritse gukoresha ibirwanisho vya nikleyeri, uno mushikiranganji ntiyabihakanye.

Umushikiranganji wa mbere Benjamin Netanyahu ntiyatevye kwishura, aho yavuze ko aya majambo “atandukanye n’ukuri”.

Mu bisanzwe, ivyiyumviro vy’umuntu muto muri reta ya Netanyahu ntivyari bikwiye kugira uburemere bwinshi.

Eliyahu, wo mu mugambwe Otzma Yehudit (bisigura ubutegetsi bw’Abayahudi) ugendera ku vyiyumviro vya kera, nta ruhara na rumwe afise mu ntambara yo muri Gaza.

Ariko muri iki gihe amakungu acungishije ijisho cane Israel ku kungene yitwara muri iyi ntambara, kugira umuntu muri reta yishimira ikoreshwa ry’ibirwanisho vya nikleyeri ni ibintu biteye isoni.

Gaza

Abanegura reta bavuga ko kugira umuntu afise ivyiyumviro bikaze muri reta ari ikintu kibabaje cane.

Merav Michaeli, umukuru w’Umugambwe w’Abakozi (Labour Party) utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi muri Israel, avuga ko abantu nka Eliyahu "bakwiye kwigizwa kure cane y’ahafatirwa ingingo".

Bivugwa ko Israel yoba ifise ibirwanisho vya nikleyeri bitari bike, kumbure vyoba biharurwa mu majana, ariko ntirigera yemera ku mugaragaro ko ifise umugambi wa gisirikare wa nikleyeri.