Umunsi wo kurwanya kanseri mu masanamu

Yatangajwe

Itari 4 z'ukwa kabiri isi yose yizihiza umunsi mpuzamakungu wo kurwanya indwara ya kanseri, abankunzi ba BBC babana n'iyo ndwara baka baturungikiye amasanamu.

Simons James wo mu Bwongereza: “Mu 2006 natowe cancer yo mu mara nca ndakorwa akatari gake bangirira na radiotherapie. Iyi foto inyerekana mfise ifoto yo mw’i radiyo bamfashe maze kuvurwa. Haheze imyaka itandatu bampinye ubwambere ariko n’ubu nta cancer mfise.
Insiguro y'isanamu, Simons James wo mu Bwongereza: “Mu 2006 natowe cancer yo mu mara nca ndakorwa akatari gake bangirira na radiotherapie. Iyi foto inyerekana mfise ifoto yo mw’i radiyo bamfashe maze kuvurwa. Haheze imyaka itandatu bampinye ubwambere ariko n’ubu nta cancer mfise.
Kathy n’umugore w’imyaka 58 yakize cancer aba i Cape Town muri Africa y’Epfo n’ubu akivurwa kugira atangirize iyo cancer ntizosubire kugaruka. Iyi foto yafashwe mu mwaka uheze aho yamenyeshwa ko yakize. Kathy n’umugore w’igitangaza mu gukomera. Inguvu ziwe yazikuye ku kuntu yashigikiwe n’umugabo wiwe Ian hamwe n’abana biwe batatu n’umuryango wose. Iyo foto yafashwe na Jeanette Verster wo uri Amerika.
Insiguro y'isanamu, Kathy n’umugore w’imyaka 58 yakize cancer aba i Cape Town muri Africa y’Epfo n’ubu akivurwa kugira atangirize iyo cancer ntizosubire kugaruka. Iyi foto yafashwe mu mwaka uheze aho yamenyeshwa ko yakize. Kathy n’umugore w’igitangaza mu gukomera. Inguvu ziwe yazikuye ku kuntu yashigikiwe n’umugabo wiwe Ian hamwe n’abana biwe batatu n’umuryango wose. Iyo foto yafashwe na Jeanette Verster wo uri Amerika.
Zanda aritanga cane muri “Tree of Life”-igiti c’ubuzima-ishirahamwe ryo gufasha abarwayi ba cancer. Uwo mugore w’abana babiri yarakozwe cancer y’ibere yongera arakorwa n’ibindi kugira baganbanye urugero rw’uko cancer ishobora gusdubira kugaruka. Ifoto ya Anna Jurkovska, Lativia.
Insiguro y'isanamu, Zanda aritanga cane muri “Tree of Life”-igiti c’ubuzima-ishirahamwe ryo gufasha abarwayi ba cancer. Uwo mugore w’abana babiri yarakozwe cancer y’ibere yongera arakorwa n’ibindi kugira baganbanye urugero rw’uko cancer ishobora gusdubira kugaruka. Ifoto ya Anna Jurkovska, Lativia.
Zain yakize cancer. Yambara agatambara gatukura kuko ari mu bagize umugwi witwa the Hope. Baja gusuhuza abarwayi ba cancer cane cane ababa baheruka gutorwa iyo ndwara kuko mu ntango bigorana cane, arabayagira ingene nabo vyabagendeye, ingene bagwanye na chimiotherapie n’ingene bagenjeje kugira ntibahagarike. Ntibahevye aho bakiriye , babandanije kugendera abarwayi mu nyuma bunga imigenderanire ikomeye cane. Hope Group bashigikirwa n’abo mu bitaro hamwe n’ikigo co kurwanya cancer co muri Arabia Saudite. Ifoto ya Abduljalil Al-Nasser, Arabia Soudite.
Insiguro y'isanamu, Zain yakize cancer. Yambara agatambara gatukura kuko ari mu bagize umugwi witwa the Hope. Baja gusuhuza abarwayi ba cancer cane cane ababa baheruka gutorwa iyo ndwara kuko mu ntango bigorana cane, arabayagira ingene nabo vyabagendeye, ingene bagwanye na chimiotherapie n’ingene bagenjeje kugira ntibahagarike. Ntibahevye aho bakiriye , babandanije kugendera abarwayi mu nyuma bunga imigenderanire ikomeye cane. Hope Group bashigikirwa n’abo mu bitaro hamwe n’ikigo co kurwanya cancer co muri Arabia Saudite. Ifoto ya Abduljalil Al-Nasser, Arabia Soudite.
Abduljalil Al-Nasser, Arabia Saudite: Abdullah Dhaim (Abu Waleed) afise imyaka 75, nta myaka myinshi iheze atowe cancer mu rura rukuru. Yarigumije cane hanyuma aho akiriye aca atangura kugendera abandi barwayi ba cancer kugira abigishe ingene bavyifatamwo yongere abaremeshe. Umugore wiwe nawe nta myaka myinshi iheze atowe cancer yo mu gitigu. Abagore benshi bavuga ko igihe batorwa cancer abantu baciye batangura kwanka kubaramutsa no gusangira nabo canke kubakorako mu buryo ubwari bwo bwose. Muri Arabia Saudite hari abibaza ko cancer yandukira canke naho bakagira ubwoba bwinshi. Ifoto ya AbduljalilAl-Nasser, Arabia Saudite.
Insiguro y'isanamu, Abduljalil Al-Nasser, Arabia Saudite: Abdullah Dhaim (Abu Waleed) afise imyaka 75, nta myaka myinshi iheze atowe cancer mu rura rukuru. Yarigumije cane hanyuma aho akiriye aca atangura kugendera abandi barwayi ba cancer kugira abigishe ingene bavyifatamwo yongere abaremeshe. Umugore wiwe nawe nta myaka myinshi iheze atowe cancer yo mu gitigu. Abagore benshi bavuga ko igihe batorwa cancer abantu baciye batangura kwanka kubaramutsa no gusangira nabo canke kubakorako mu buryo ubwari bwo bwose. Muri Arabia Saudite hari abibaza ko cancer yandukira canke naho bakagira ubwoba bwinshi. Ifoto ya AbduljalilAl-Nasser, Arabia Saudite.
Matt Edwards: Uwu ni mama wacu Darlene Graczyk w’I Bloomington, Illinois muri Amerika. Darlene yari afise ubwoko bubiri bwa cancer yo mw’ibere. Amaze kuvurwa iyo cancer kabiri, agakorerwa chimiotherapie hamwe n’uguturirzwa imishwarara, yarapimwe basanga nta cancer agifise. Ubu ntawumurusha gukomera. Turagukunda twese.
Insiguro y'isanamu, Matt Edwards: Uwu ni mama wacu Darlene Graczyk w’I Bloomington, Illinois muri Amerika. Darlene yari afise ubwoko bubiri bwa cancer yo mw’ibere. Amaze kuvurwa iyo cancer kabiri, agakorerwa chimiotherapie hamwe n’uguturirzwa imishwarara, yarapimwe basanga nta cancer agifise. Ubu ntawumurusha gukomera. Turagukunda twese.
Dmirty Berkut wo mu Burusiya: haheze imyaka ibiri duhuye na Serge igihe yariko aravurwa cancer yo mu maraso. Yavukiye muri Siberia yo hagati. Serges afise abo bavukana benshi nyina wiwe akaba atashobora kugumana na we mu bitaro. Yahavuye arerwa n’umuryango w’abasaza mu nyuma ava mu bitaro.
Insiguro y'isanamu, Dmirty Berkut wo mu Burusiya: haheze imyaka ibiri duhuye na Serge igihe yariko aravurwa cancer yo mu maraso. Yavukiye muri Siberia yo hagati. Serges afise abo bavukana benshi nyina wiwe akaba atashobora kugumana na we mu bitaro. Yahavuye arerwa n’umuryango w’abasaza mu nyuma ava mu bitaro.
Cathleen Daum wo muri Amerika:”Nitwa Cathy , nakize cancer yo mw’iberere. Haheze hafi imyaka icenda. Hagati yacu hari urunani ata numwe ashobora gusambura.
Insiguro y'isanamu, Cathleen Daum wo muri Amerika:”Nitwa Cathy , nakize cancer yo mw’iberere. Haheze hafi imyaka icenda. Hagati yacu hari urunani ata numwe ashobora gusambura.
Margarita Bakhmanova afise imyaka 37 akaba amaze imyaka itatu atowe cancer. Yari arindiriye icigwa ca chimiotherapie hamwe n’ugukorwa. Umunsi umwe Margarita yagiye kuraba mugenziwe amusaba kumufata amafoto imbere y’uko atangura kumongoka imishatsi yiwe yose. Ifoto ya Valery Klamm, mu Burusiya.
Insiguro y'isanamu, Margarita Bakhmanova afise imyaka 37 akaba amaze imyaka itatu atowe cancer. Yari arindiriye icigwa ca chimiotherapie hamwe n’ugukorwa. Umunsi umwe Margarita yagiye kuraba mugenziwe amusaba kumufata amafoto imbere y’uko atangura kumongoka imishatsi yiwe yose. Ifoto ya Valery Klamm, mu Burusiya.
Raphael Nzioka wo muri Kenya afise imyaka 24 akaba arwaye cancer yo mu rurra rukuru.
Insiguro y'isanamu, Raphael Nzioka wo muri Kenya afise imyaka 24 akaba arwaye cancer yo mu rurra rukuru.
Kathy Rymes (i bubamfu) yatowe cancer yo mw’i bere mu 2009. abwira abarwaye cancer ko bokwama bibuka ko atari vo bonyene kandi ko kuronka uwo muvugana bikenewe cane mu nzira yo gukira. Michelle White-Malcolm (i buryo) yatowe cancer yo mw’i bere uwo mwaka nyene. Michelle avuga ko abarwayi bakwiye kushikiriza ubwoba bafise hanyuma abandi bakabafasha. Izi foto zafashwe na Scott Hussey wo muri Amerika akaba ari mu yagize igitabo citwa Living Through Cancer
Insiguro y'isanamu, Kathy Rymes (i bubamfu) yatowe cancer yo mw’i bere mu 2009. abwira abarwaye cancer ko bokwama bibuka ko atari vo bonyene kandi ko kuronka uwo muvugana bikenewe cane mu nzira yo gukira. Michelle White-Malcolm (i buryo) yatowe cancer yo mw’i bere uwo mwaka nyene. Michelle avuga ko abarwayi bakwiye kushikiriza ubwoba bafise hanyuma abandi bakabafasha. Izi foto zafashwe na Scott Hussey wo muri Amerika akaba ari mu yagize igitabo citwa Living Through Cancer
Ibishusho vyo mu kigigo c’abakize canver muri Kansas City muri Missouri. Ifito ya Eric Bowers muri Amerika. Twashaka gushimira abo bose baturungikiye amafoto yabo bakanabwira abasomyi bacu ingene vyabagendeye mu guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya cancer kw’itariki zine z’ukwa Kabiri.
Insiguro y'isanamu, Ibishusho vyo mu kigigo c’abakize canver muri Kansas City muri Missouri. Ifito ya Eric Bowers muri Amerika. Twashaka gushimira abo bose baturungikiye amafoto yabo bakanabwira abasomyi bacu ingene vyabagendeye mu guhimbaza umunsi wahariwe kurwanya cancer kw’itariki zine z’ukwa Kabiri.