
Rafael Nadal
Umunye Espagne, Rafael Nadal, yatsinze ku nshuro igira umunani ihiganwa rya tennis ryo mu Bufaransa, Roland Garros.
Nta wundi mu kinyi n'umwe kw'isi aratsinda iryo higanwa inshuro zingana nk'izo, akaba yabishitseko mu gutsinda David Ferrer seti sitatu ku busa.
Iyi ntsinzi ya Nadal yemeje ko yasubiye ku rugero rwiwe nyuma y'imvune yari yaragize, yatuma umukino wiwe utaba nk'uko abishaka mu mwaka uheze wose.
Urukino rwahagaritswe umwanya muto n'abantu babiri bagize ibisa n'imyiyerekano, umwe muri bo akaba yakije ubisa nk'igishirira, yirukira mu kibuga hagati.