Yaya Toure, umukinyi wa CAF wa 2013

Ishirahamwe ry'umipira w'amaguru muri Afrika, CAF, ryagize Yaya Toure, umukinyi w'umwaka wa 2013.
Uwo mukinyi wo hagati wa Cote d'Ivoire na Manchester City, bubaye ubugira gatatu atsindira uwo mwanya, akaba kandi mu kwa cumi na kabiri yaratsindiye ihiganwa rya BBC ry'umukinyi mwiza muri Afrika.
Yahiganwa n'uwundi munye Cote d'Ivoire, Didier Drogba akinira Galatasaray hamwe n'uwa Nigeria na Chelsea akina hagati John Mikel Obi.
Toure w'imyaka 30, agize ibiheruka kugirwa na Abedi Pele hamwe na Samuel Eto'o mu gutsindira ico kibanza inshuro zitatu.
Umunye Ghana Abedi Pele yagitsindiye yikurikiranya hagati y'imyaka ya 1991-93, mu gihe umunye Cameroun Eto'o yagitsindiye hagatiye ya 2003-5.
Toure nta gikombe yatsindiye igihugu ciwe canke umugwi akinira mu mwaka uheze, ariko uburyo akina neza bwarigaragaje mu mugwi wa City hamwe na Elephants wo muri Cote d'Ivoire.
Yatewe iteka mu muhango wabereye i Lagos muri Nigeira kuwa Kane.
Ugukina neza kwa Toure kandi kwatumye aba umunye Afrika wenyene yashizwe ku rutonde rw'abakinyi 23 ba FIFA bakomeye kw'isi mu mwaka.
Uwamwegereye cane mu kibanza ca CAF ni Mikel w'imyaka 26, yafashije Nigeria gutsindira igikombe ca Afrika c'imigwi 2013 muri Afrika y'epfo, anatsindira hamwe na Chelsea igikombe ca Europa League.










