Burundi mw'ijonjora ry'igikombe ca 2018

Ahavuye isanamu, Getty
Intamba z'Uburundi zatsindiye i Bujumbura Seychelles 2-0, kubera ibitego vya Fiston Abdul Razak, birimwo kimwe ca penaliti.
Uyu mukinyi asanzwe ari mu murwi wo muri Afrika y'epfo Mamelodi Sundowns FC, yari yinjije ikindi gitego mu rukino rwa mbere, atuma Uburundi buronka 1-0.
Ibindi bihugu bikiri mw'ihiganwa ni Tchad yatsinze Sierra Leone 2-1, ubwa mbere yari yatsinze Sierra leone 1-0, ikazohura ubukurikira na Misiri.
Niger nayo yatsinze Somalia 4-0, ubwa mbere yari yatsinze 2-0, ikazohura ubukurikira na Cameroun.
Namibia nayo yatsinze Gambie 2-1, ubwa mbere vyari vyanganije 1-1, ikazohura na Guinee.
Comores yakuyemwo Lesotho 1-1, ubwa mbere 0-0, ikazohura ubukurikira na Ghana.
Cote d'Ivoire yo izohura na Liberia, inyuma yo gutsinda Guinee Bissau 3-1.
Inkino zo mu ciciro ca kabiri c'amajonjora uko ari 20 zizoba mu kwezi kwa 11.
Izizohura n'izi
Tunisie - Mauritanie canke Sudani y'epfo
Mali - Botswana canke Erythrée
Nigeria - Swaziland canke Djibouti
RDC - Burundi
Misiri - Tchad
Cameroun - Niger
Guinée - Namibie
Ghana - Comores
Côte d'Ivoire - Liberia
Ethiopie-Congo
Kenya-Cap-Vert
Tanzania-Algeria
Sudani-Zambie
Libye-Rwanda
Maroc-Guinée Equatoriale
Mozambique-Gabon
Bénin-Burkina Faso
Togo-Ouganda
Angola-Afrika y'epfo










