Abantu barenga 20 bishwe mu bitero vy'indege muri Siriya

Ahavuye isanamu, AFP
Niburiburi abantu 23 bagwiriyemwo abasivile bishwe mu bitero vy'indege mu karere gafiswe n'inyeshamba mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, niko abagwanira amateka bavuze.
Inyubakwa nyinshi z'amagorofa zaguye muri ivyo bitero vyo mu gitondo, vyabereye mu gisagara ca Idlib.
Amakuru amwe avuga ko izo nyubakwa zirimwo ibiro bikuru vy'umurwi Jabhat Fateh al-Sham (JFS) ucuditse na al-Qaeda.
Ntawuramenya niba ivyo bitero vyoba vyakozwe n'ubutegetsi bwa Syria, Uburusiya bafashanya canke Amerika n'abo bafashanya.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Uburusiya yahakanye avuga ko ata ruhara babifisemwo, ashimika ko indege zabo z'ingwano ziheruka kugaba ibitero kuri Idlib mu mwaka uheze.
Ikigo gikurikirana ivy'agateka ka kiremwa muntu muri Siriya gikorera mu Bwongereza "Syrian Observatory for Human Rights", cavugiye ku kibuga ngurukanabumenyi caco, ko hakozwe niburiburi ibitero cumi vy'indege ku gisagara ca Idlib ku munsi wa kabiri.

Ico kigo kivuga ko amakomine ya Amn al-Dawla, Amn al-Askari, al-Dabit na Wadi al-Nasim yibasiwe nivyo bitero, hamwe n'amasanganzira ya al-Jaraa, umusigiti Shuaib hamwe n'ikibuga c'umupira.






