Suu Kyi avuga ko abantu bose bakingiwe i Rakhine

Myanmar's State Counsellor Aung San Suu Kyi attends the funeral service for the National League for Democracy (NLD) party's former chairman Aung Shwe in Yangon on 17 August 2017.
Insiguro y'isanamu, Ms Suu Kyi aranebagurwa ku kibazo c'iutratuzwa ry'aba Rohingya
Yatangajwe

Incuro ya mbere agise ico ashikirije, umutegetsi asa n'uwurongoye Myanmar yavuze ko reta yiwe ikingira buri muntu wese mu karere ka Rakhine.

Ariko yiyamirije inkuru z'ibinyoma zivugwa kuba Rohingya ku ntambara isa n'iyikokeza iterabwoba.

Ivyo Suu Kyi yabivugiye kuri telefone ariko araganira na prezida wa Turkia Recep Tayyip Erdogan, nk'uko bishikirizwa n'ibiro vyiwe.

Aba Rohingya barenga 123.000 baramaze guhunga akarere ka Rakhine kari mu buraruko bwa Myanmar baja mu gihugu ca Bangladesh mu ndwi zibiri ziheze.

Iyi n'imwe mu ntambara nyinshi zagiye zituma haba impunzi ziva muri ico gihugu kizwi ku rindi zina rya Burma.

Aba Rohingya ntibagira igihugu benshi bakaba ari inkehwa z'aba islam baguma baturatuzwa i Myanmar.

Uwo mupfasoni yaronse agashimwe kitiriwe Nobel aranebagurwa cane kuko yagumye mu gacerere, ntagire ico avuga kuri ubwo bwicanyi bugirirwa aba Rohingya.